- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, Umunyamakuru akurikirana ivyo muri White House
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Hafi amezi atandatu inyuma y'uko Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, asezeranye ko azotsinda Irani mu mwanya muto, ubu ibintu bisa n'aho vyadindiye, kandi ivyizigiro vy'uko haboneka intsinzi ya gisirikare canke amasezerano y'amahoro biguma bigabanuka.
Kugira ngo Trump agerageze kubisohokamwo, yavuze ko azotanguza isekeza yise "economic D-Day", aho igihugu cose kizogirana imigenderanire y'ubudandaji na Irani kizohura n'ingaruka zikomeye cane mu vy'ubutunzi.
Ariko Irani imaze igihe kirekire ifatirwa ibihano vy'ubutunzi, kandi gushika ubu yarerekanye ko ishobora kwihagararako, ndetse ikabandanya no guhangana n'igitutu gikomeye cane mu vy'ubutunzi no mu vya gisirikare.
Ikibazo nyamukuru kuri Amerika rero ni iki: ibihano bishasha vy'ubutunzi bizoshobora gutanga umwimbu aho ibindi vyose vyananiwe?
Uburyo Amerika izokoresha mu kwongereza igitsure c'ubutunzi kuri Irani ntiburatomoka neza. Umushikiranganji w'ikigega ca reta wa Amerika, Scott Bessent, yasezeranye ko azobisigura mu buryo buramvuye mu misi iri imbere.
Ariko mu kiganiro yagiranye na CNBC, Bessent yatomoye ko Amerika yiteguriye kugira ico ikoze ku gihugu ico ari ico cose - caba umugenzi canke umwansi - ibona ko kizoba kiriko kirafasha Irani kubandanya kubaho no gukwepa ibihano.
Yavuze ati: « Muri kumwe natwe canke muraturwanya. Nimba mushimitse kubandanya mugirana ubudandaji na [Irani], haba mu kurungika amafaranga, kugura ibitoro vyayo canke gutwara ibitoro biciye mu mazi, ikigega ca Amerika na Reta ya Amerika... bizokoresha ubushobozi bwavyo bwose mu kubafatira ibihano. »
Icegera ca Perezida, JD Vance, yavuze ko ivyo bihano ari « intambwe nshasha muri iyi ntambara", aho igitsure c'ubutunzi ari co gikoresho « gikora neza kuruta ibindi » Amerika ifise.
Mu kiganiro Clay Travis and Buck Sexton Vance yagize ati: « Bagiye kugerageza kudushirako igitutu c'ubutunzi, ariko ikintu kimaze kwigaragaza mu ndwi zibiri ziheze ni uko ari bo bumvise igitutu kiruta ico twebwe twumva. »
Ati: « Tuzobandanya kubikora kuko twemera ko ari bwo buryo bwiza bwo gushika kw'ihangiro ryacu. »
Kuva mu ntango za Repuburika ya Kiislamu mu 1979, Amerika yagiye ifatira ibihano bikomeye vy'ubutunzi Irani.
Mbere vyarongerekanye inyuma y'uko ubutegetsi bwa mbere bwa Trump bwikuye mu masezerano ya JCPOA, yari yasinywe mu 2015 hagati y'ibihugu bikomeye kw'isi na Irani agamije kugabanya ibikorwa vya Irani bijanye n'inguvu za nikleyere.
Muri iyi ntambara iriko iraba ubu, Amerika yaratangaje Operation Economic Fury, umugambi w'ibice bibiri. Igice ca mbere ni ic'ibihano bihagarikiwe n'ikigega ca Amerika bikaba bigamije guhagarika amafaranga y'ubutegetsi bwa Irani. Ica kabiri, ni ic'ukuzibira ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Irani hakoreshejwe uburyo bwa gisirikare.
Imran Bayoumi, umuhinga mu vya politike y'ibihugu wo muri Atlantic Council i Washington DC akaba yarabaye umujenama wa politike mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, yabwiye BBC ko iyi ngingo nshasha ishobora kuba yavuye ku kudashimishwa n'uko ingingo zose Trump yagiye arafata ata kintu kiboneka zashitseko.
Ati: « Mu vy'ukuri, ni ukwemenga ko Amerika isa n'aho yabuze iyo itera ija muri iyi ntambara...»
« Iki ni ikindi gikoresho Amerika iriko irakoresha. Ntiturabona umukenyuro utomoye w'ingene bizogenda, haba mu vya gisirikare canke mu vy'ubutunzi. Ikibazo ku co Amerika iriko iragerageza gushikako ntikiraronka inyishu. »
Michael Parker, umuhinga mu bihano vy'ubutunzi akaba amaze imyaka umunani akora muri Office of Foreign Assets Control (OFAC), yavuze ko iri sekeza rishasha rishobora kuba rigamije « kwagura ingaruka z'ibihano », mu gufatira ingingo ibihugu bikibandanya gukorana na Irani ariko bifise ubutunzi bushingiye kw'idolari rya Amerika.
Agira ati: « Kugeza ubu, Amerika yakoresheje uburyo bwose bushoboka kugira ikwegere ibigo vyose n'amashirahamwe akorera mu bijanye n'amafaranga gukurikiza politike y'ibihano. »
« Ariko iki ni igikoresho kitarakoreshwa cane gushika ubu kuri Irani. »
Atanga akarorero k'ibigo n'amashirahamwe bifasha Irani gukwepa ibihano canke bikayirungikira amafaranga mu buryo butaziguye.
Uko Irani izokwishura kuri izo ngingo ntibiratomoka, ariko abahinga mu vy'ibihano bavuga ko Irani imaze kwerekana ko ishoboye cane gukoresha inzira zidasanzwe kugira ihunge ibihano, nk'ubwato butwara ibitoro mu mpisho canke amashirahamwe mashasha y'ubudandaji atari ku rutonde rw'ibihano vya Amerika.
Mohammed Hammouda, umuyobozi ajejwe kugenzura ibirungikwa mu mahanga n'ibihano muri London Stock Exchange, yagize ati: « Uguma ubona amazina mashasha agaragara, kuko Irani iriko iramenyera ningoga cane ingene ikwepa. Umukenyuro wose wokoresha, baca barondera iyindi nzira [yo kuwuca ku ruhande]. »
Abandanya avuga ko izo ngingo Irani ifata mu kwishura kenshi zituma abajejwe gukurikirana iyubahirizwa ry'ibihano basigara ari bo biruka inyuma y'ibiriko biraba.
Ati: « Ibihano vyose biri ku mpapuro, ariko igikorwa gikomeye kiba inyuma y'ibiriko biraba. Hari imirwi ikorera hirya no hino kw'isi iriko iragerageza gushira mu ngiro ibihano no kumenya ababirimwo, ari co gituma Irani itegerezwa kuguma ifise amakuru y'uko vyifashe. »
Kugira ivyo bihano bigire ico bishitseko, bizoshobora guterwa cane n'ukuntu ibihugu bizoba vyafatiwe ibihano bizovyifatamwo. Muri vyo hashobora kubamwo abagenzi ba Amerika nka Turukiya na Iraki, hamwe rero n'Ubushinwa.
Parker ashimangira ati: « Ubushobozi bwa Irani bwo guhunga canke kwirinda ibihano ahanini bushingiye ku bushake bw'ibindi bihugu n'ibigo vy'ubutunzi canke banki bitandukanye bishobora kugira ico biyifashije. »
Parker yemeza ko ibihano « bifise ububasha bungana n'ubushake » bw'ibihugu vyofatirwa ibihano bwo gukurikiza intumbero za politike y'imigenderanire ya Amerika, canke bwo kwemera ibihano mu bijanye n'ubudandaji bukoresha idolare rya Amerika.
Ariko hari abahinga bibaza nimba ivyo bihugu vyokwemera gukurikiza ivyo Amerika isaba muri iki gihe.
Bayoumi agira ati: « Nk'akarorero, sinibaza ko Ubushinwa bwovyemera. Ivyo bihugu vyose birafise ukuntu bikurikirana inyungu zavyo bwite ku ruyeri, mu migenderanire n'ubutegetsi bwa Trump. »
Yongerako ati: « Igihambaye ni uko iki ari ikindi gikoresho gusa. Ariko ikibazo cagutse c'ingamba kiracariho. Sinzi neza nimba ibi hari ikintu na kimwe bizohindura ku gihe kirekire. »
