IKIBIRIRAHO, Fiji yatangaje ko iri mu bihe by'amage kubera ubwandu bwa SIDA bwiyongereye
Umuntu umwe muri buri bantu 60 bakuru muri icyo gihugu gito cyane cyo mu nyanja ya Pasifika gituwe n'abaturage batageze kuri miliyoni imwe, ubu abana n'ubwandu bw'iyo virusi.
Incamake
- Ubumwe bwa buraya bushaka kugabanya ikoreshwa ry'imbuga hwaniro ku bana batarakwiza imyaka 15
- Zolghadr: Umuhora wa Hormuz ntuzokwugururwa Trump na Netanyahu bakiri ku butegetsi
- Rwanda: Umukuru wa Ferwafa ufunzwe yagiranye amasezerano n'ubushinjacyaha
- Uburusiya bwagavye ibitero bikomeye muri Ukraine
- Trump: Ndizeye ko intambara na Iran iri hafi kurangira
- Umunya Israel yaciriwe umunyororo w'imyaka 13 kubera kuba intasi ya Iran
- Trump yakangishije 'imisoro ikaze' kuri EU kubera gahunda yo kugira Canada 'umunyamuryango ucagase'
- Afurika y'Epfo: Umunyamakuru wari washimuswe yabonetse yapfuye afite ibikomere by'amasasu
- Igice kimwe cy'ubwonko bwayo ni ubw'umuntu, ikindi ni ubw'imbeba – iyi ntambwe ikomeye abahanga bateye ivuze iki?
- Fiji yatangaje ko iri mu bihe by'amage kubera ubwandu bwa SIDA bwiyongereye
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana na Didier Bikorimana
Ubumwe bwa buraya bushaka kugabanya ikoreshwa ry’imbuga hwaniro ku bana batarakwiza imyaka 15
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa bnuraya, ryashikirije umugambi w’itegeko rishasha rigamije gukingira abana ku mbuga hwaniro no kugabanya ingorane bahura na zo kuri “internet”.
Muri uwo mugambi witwa EU Kids Act, abana batarakwiza imyaka 13 bobuzwa gukoresha imbuga nka TikTok, Instagram na Snapchat.
Abafise imyaka 13 na 14 bo bokwemererwa kuzikoresha isaha imwe gusa ku munsi, biciye kuri konti y’umwana icungerwa n’umuvyeyi canke uwumureze. Abamaze imyaka 15 ni bo bokwemererwa kwiyugururira konti zabo.
Izo ngingo zoshikira kandi YouTube, izindi mbuga zo gusangira amasanamu, inkino zo kuri internet hamwe n’ubuhinga bw’ubukorano bwa AI buganiriza abantu.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryavuze ko amashirahamwe afise izo mbuga azotegerezwa kwerekana ko zateguwe ku buryo butabangamira abana. Atabikoze, yoshobora gucibwa ihadabu rishika kuri 6% y’amafaranga yinjiza kw’isi yose mu mwaka.
Umukuru w’ubumwe bwa buraya, Ursula von der Leyen, yavuze ko abana benshi binjira kare cane mu buzima bwo kuri internet bataritegura, aho bashobora gutotezwa gushika no muhira.
Yavuze ko uwo mugambi uzosubiza abavyeyi ububasha bwo gucungera ingene abana babo bakoresha internet.
Ariko uwo mugambi w’itegeko nturemezwa n’ibihugu vyose bigize ubumwe bwa buraya hamwe n’Inama Nshingamateka y’iryo shirahamwe.
Zolghadr: Umuhora wa Hormuz ntuzokwugururwa Trump na Netanyahu bakiri ku butegetsi
Mohammad Baqer Zolghadr, umuhanuzi mu vya politike w’umukuru wa Irani, yavuze ko igihugu ciwe kitazokwugurura umuhora wa Hormuz igihe Perezida wa Amerika Donald Trump n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu bazoba bakiri ku butegetsi.
Trump ni , Netanyahu na we akaba .
Zolghadr yavuze ati: “Abasirikare bacu ntibazokwugurura umuhora wa Hormuz igihe Trump na Netanyahu bazoba bakiri ku butegetsi.”
Yavuze ko gupfungira uwo muhora ari intambwe ya mbere y’ukwihora kw’Abanyirani.
Zolghadr yavuze kandi ko, inyuma y’iminsi igera kuri 200 y’intambara, Irani izobandanya guhangana na Amerika na Israel. Avuga ko kuba Irani imaze ico gihe cose ikirwana vyerekana ko umugambi w’abansi bayo wo kuyitsinda wananiwe.
Yaravuze kandi abantu bapfuye mu bitero vyabereye i Minab n’i Lamerd, hamwe n’abasirikare ba Irani baguye muri iyo ntambara, avuga ko igihugu ciwe gitegekanya kubihora.
Ayo majambo avuzwe mu gihe umuhora wa Hormuz umaze amezi uri mu ntimatima y’amatati hagati ya Irani na Amerika.
Uwo muhora ni umwe mu nzira zihambaye kw’isi zicamwo amato atwara igitoro. Iyugarwa ryawo ryaratumye uruja n’uruza rw’amato ruhungabana, ibiciro vy’igitoro na vyo biraduga.
Izindi nkuru wosoma:
Rwanda: Umukuru wa Ferwafa ufunzwe yagiranye amasezerano n’ubushinjacyaha
Ibiranga iyi nkuru - Umwanditsi, Yves Bucyana
- Igikorwa, BBC Swahili
Urukiko rwisumbuye rwa Nyarugenge rwasubitse urubanza rw’ ubujurire rw’Umuyobozi w’ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda Shema Fabrice Ngoga, wari wajuririye icyemezo cyo gufungwa iminsi 30 y’agateganyo.
Akurikiranyweho ibyaha byo gutanga sheke itazigamiwe no kwihesha ikintu cy’undi hakoreshejwe uburiganya,ibyaha we ahana. Ni urubanza rwamaze umwanya muto cyane kuko umwe mu bunganizi ba Shema Ngoga Fabrice - Me Christophe Niyomugabo- yahise asaba ko urubanza rusubikwa hakabanza kurangizwa ibigendanye n’amasezerano y’ubwumvikane (Plea Bargaining) yavuze ko yabaye hagati y’uregwa n’ubushinjacyaha.
Urukiko rwahaye ijambo umushinjacyaha avuga ko ayo masezerano ayazi ariko ko atari yayaregera urukiko. Bisobanura ko umushinjacyaha agomba gushyikiriza urukiko ayo masezerano kugirango ruyasuzume ruyemeze cyangwa ruyange.
Urukiko rwahise rutegeka ko urubanza ruzaba ku itariki ya 23 z’uku kwezi. Shema Ngoga Fabrice,Umuyobozi w’ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru akaba n’umucuruzi ukomeye yajuririye icyemezo cyo gufungwa by’agateganyo cyategetswe n’urukiko rw’ibanze rwa Nyarugenge.
Mu ntangiriro z’uku kwezi rwavuze ko hari impamvu zikomeye zo kuba yakurikiranwa afunze by’agateganyo ngo kuko hakurikijwe itegeko ibyaha Shema akurikiranyweho bihanishwa igifungo kirenze imyaka 2 no kuba yatinya ingaruka z’icyaha agatoroka ubutabera.
Muri urwo rubanza urukiko rw’ibanze rwa Nyarugenge rwari rwanzuye ko Shema Ngoga Fabrice nk’umuyobozi wa sosiyete ya Africa Medical Supply icuruza ibikoresho by'ubuvuzi yatanze sheke 2, iy’amadorali ibihumbi 400 n’indi y’amadorali ibihumbi 200 aziha isosiyete izwi nka ABZL International General Trading ikorera muri Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu.
Mu gihe kuri konte ye ya banki mu Rwanda hariho amadorali 1183 gusa. Mu iburanisha bimwe mu byo Shema Ngoga Fabrice yavuze ni uko abamurega bamwujurije sheke nabi bigatuma banki yimana amafaranga, akavuga ko ibyo ari ‘’inyandiko mpimbano’’.
Yasabaga kurekurwa by’agateganyo ngo kuko afite umuryango n’inshingano z’ubuyobozi bwa FERWAFA ndetse akaba yatanga n’ingwate kandi akaba afite imyirondoro izwi.
Urukiko ntirwabihaye agaciro. Kugeza ubu ibikubiye mu masezerano mashya yagiranye n’ubushinjacyaha ntibiramenyekana.
Izindi nkuru wosoma:
Uburusiya bwagavye ibitero bikomeye muri Ukraine
Uburusiya bwagavye ibitero bikomeye vya misile na drone kuri Kyiv no mu bindi bisagara vya Ukraine, bikomeretsa abantu barenga 20.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bwo kwivuna abansi buvuga ko bwateye amahinguriro akora ibikoresho vy’igisirikare ca Ukraine, ibibanza bitanga umuyagankuba hamwe n’ivyo gutwara abantu n’ibintu i Kyiv, Zaporizhzhia na Odesa.
Ukraine ivuga ko Uburusiya bwakoresheje misile zitandukanye hamwe na drone hafi 160 muri ivyo bitero vyabaye mw’ijoro.
Abategetsi babwiye Reuters ko abantu 18 bakomeretse i Kyiv, harimwo abana babiri.
I Odesa, abantu batandatu, harimwo abana babiri, barakomerekejwe n’ibitero vyononye inzu z’amagorofa n’izindi nyubakwa.
Abandi batatu bakomerekeye i Zaporizhzhia, aho misile yateye ahari amahinguriro, rimwe muri yo rigafatwa n’umuriro.
Ku wa gatatu, abantu batanu barapfuye abandi n’imiburiburi indwi barakomereka, igihe drone y’Uburusiya yatera imodoka itwara abantu mu ntara ya Dnipropetrovsk, mu bumanuko bwa Ukraine.
Ukraine na yo yabandanije gutera ibibanza vyo mu Burusiya. Buramatari w’intara ya Yaroslavl yavuze ko drone ya Ukraine yononye ihinguriro ritunganya igitoro, itera umuriro wahavuye uzimwa.
Uburusiya na Ukraine bimaze igihe biterana ku bibanza bitanga umuyagankuba n’ahatunganyirizwa igitoro, kimwekimwe cose kikavuga ko kigamije kugabanya ubushobozi bw’ikindi bwo kubandanya intambara.
Izindi nkuru wosoma:
Trump: Ndizeye ko intambara na Iran iri hafi kurangira
Perezida wa Amerika, Donald Trump, yasubiriye kuvuga ko Iran ishaka kugirana amasezerano na Amerika. Yongeye kuvuga ko yizera ko intambara iri hafi kurangira.
Trump yabivuze ku wa gatatu i Gastonia, muri Caroline y’Uburaruko, aho yari yagiye gushigikira Michael Whatley, umukandida w’aba-Republicains mu matora y’Inama Nkenguzamateka.
Yavuze ati: “Ndizera ko turi ku mpera y’intambara. Bashaka amasezerano. Tuzoraba uko bizogenda.” Trump yavuze kandi ko Iran yamuvugishije, ariko ntiyavuze ingene ivyo biganiro vyagenze.
Si ubwa mbere Trump avuga ko Iran ishaka amasezerano. Ariko ibiganiro bimaze kuba hagati y’ibihugu vyompi ntivyigeze bishikana ku masezerano arama.
Amerika na Iran vyagiye biraterana, naho ibiganiro vyaba biriko biraba.
Intambara hagati y’ivyo bihugu iri mun kwezi kugira indwi. Yatanguye ku wa 28 Ruhuhuma (2), igihe Amerika na Israel vyatera Iran, na yo igaca isubiriza mu gutera Israel n’ibihugu vyo mu kigobe c’Abarabu birimwo ibirindiro vy’igisirikare ca Amerika.
Trump abivuze mu gihe Abanyamerika baguma barushiriza guhagarikwa umutima n’iduga ry’ibiciro, na cane cane igiciro c’igitoro, kubera intambara n’iyugarwa ry’umuhora wa Hormuz.
Iryo duga ry’ibiciro ni ikibazo kiriko kiragora abakandida b’aba-Republicains bariko bitegurira amatora yo muri Munyonyo (11).
Umunya Israel yaciriwe umunyororo w’imyaka 13 kubera kuba intasi ya Iran
Sentare yo muri Israel yaciriye Alexander Granevsky, umugabo w’imyaka 30, umunyororo w’imyaka 13, imwagirije kuba intasi ya Iran
Sentare yavuze ko Granevsky yarondeye amakuru y’ibanga, hanyuma akayarungikira abantu bakorera Iran, ivyo bigashira umutekano wa Israel mu kaga.
Ibimenyeshamakuru vyo muri Israel bivuga ko ico gihano ari kimwe mu bikomeye kurusha ibindi vyatanzwe muri ico gihugu mu manza z’abagiriwe kuba intasi za Iran.
Abashikirizamanza bavuze ko Granevsky yakoze ibikorwa bitandukanye, inyuma yo kuvugana ku rubuga rwa Telegram n’umuntu bikekwa ko yari intumwa ya Iran.
Uwo muntu yari yamwemereye kumuha amafaranga ku gikorwa cose akoze.
Mu vyo sentare yamwagirije harimwo kwandika ahantu hatandukanye amajambo yiyamiriza reta, guturira imiduga icenda no gukurikirana urugo rwa Benny Gantz.
Gantz yahoze arongoye igisirikare ca Israel, akaba yarabaye n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.
Granevsky yafotoye kandi ahantu hahambaye ku mutekano w’igihugu, harimwo ibibanza bihingura umuyagankuba, aca arungikira ayo mafoto uwo bavugana wo muri Iran.
Abategetsi ba Israel bamaze igihe bavuga ko Iran igerageza gukoresha Abanya-Israel kugira bayihe amakuru y’ibanga bongere bayikorere ibikorwa vyo kwonona muri ico gihugu.
Izindi nkuru wosoma:
Trump yakangishije 'imisoro ikaze' kuri EU kubera gahunda yo kugira Canada 'umunyamuryango ucagase'
Perezida w’Amerika Donald Trump yakangishije gushyiraho “imisoro ikaze” ku bicuruzwa biva mu muryango w’Ubumwe bw’Uburayi (EU), nyuma yuko Perezida wa komisiyo ya EU Ursula von der Leyen yumvikanishije ko ashaka gufungurira umuryango Canada ngo ibe “umunyamuryango wa mbere ucagase [utuzuye]” wayo.
Minisitiri w’intebe wa Canada Mark Carney yavuze ko ashaka kugirana “umubano wihariye” na EU.
Ariko ubwo Trump yari abajijwe kuri iyo gahunda ya Canada na EU, yavuze ko isekeje.
Yagize ati: “Nindamuka ntekereje na gato ko ari igikorwa cy’ubushyamirane, nzashyiraho imisoro ikaze cyane ku bicuruzwa cyangwa ndeke gukorana ubucuruzi n’Uburayi ku bintu byinshi.” Yongeyeho ati: “Niba ikigamijwe ari cyiza, ibyo ni byiza.”
Amerika iherutse kuzamura imisoro ku bicuruzwa biva muri Canada byinjira muri icyo gihugu – ndetse Canada na yo yihoreye izamura imisoro ku bicuruzwa biva muri Amerika.
Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burayi Katya Adler avuga ko EU itarigera na rimwe igira umunyamuryango ucagase – ndetse icyo kuba umunyamuryango ucagase bisobanuye mu ngiro ntigisobanutse neza.
Izindi nkuru wasoma:
Afurika y'Epfo: Umunyamakuru wari washimuswe yabonetse yapfuye afite ibikomere by'amasasu
Ubutumwa bwo kwihanganisha bukomeje gutangwa ku muryango w’umunyamakuru w’imikino w'inararibonye wo muri Afurika y'Epfo wabonetse yapfuye, nyuma y’amasaha ashimutiwe hafi y’umujyi wa Johannesburg.
Polisi yavuze ko Owen Ndlovu, wahoze atangaza amakuru ku gitangazamakuru cya leta (SABC), yafashwe ku wa kabiri ubwo yari arimo gutwara umugore we mu modoka amukuye ku rusengero rwo mu gace ka Katlehong.
Umurambo we, abawubonye bavuze ko wari ufite ibikomere by’amasasu, wabonywe n’abaturage mu gitondo cyo ku wa gatatu, hashize amasaha ashimuswe.
Polisi yatangiye gushakisha abantu batatu bacyekwa ndetse irimo gukora iperereza ku bijyanye n’iyicwa rye, ryongeye gutuma hibazwa ku kigero kiri hejuru cy’ibyaha by’urugomo muri Afurika y’Epfo.
Izindi nkuru wasoma:
Igice kimwe cy'ubwonko bwayo ni ubw'umuntu, ikindi ni ubw'imbeba – iyi ntambwe ikomeye abahanga bateye ivuze iki?
Abahanga mu bumenyi bw’urwungano rw’imyakura ('système nerveux'/'nervous system') bo kuri Kaminuza ya Stanford muri Amerika bashoboye gutuma imbeba zigira uturemangingo tw’umuntu imbere mu bwonko bwazo.
Abo bashakashatsi bizeye ko ubuvuzi bushobora kuzabaho bw’indwara zo mu mutwe n’iz’ubwonko ziboneka gusa mu bantu ubu bushobora kugeragerezwa kuri izo mbeba zo muri laboratwari.
Mu gihe kuvuga ko izi mbeba zifite igice kimwe cy’ubwonko bwazo bw’umuntu bishobora kumvikana nk’amakabyankuru, abo bahanga muri siyansi bavuze ko izi atari “imbeba zitekereza nk’abantu”.
Izo nyamaswa zakorewe muri laboratwari – ndetse zirahindurwa mu buryo bwo kuzibaga bwo kwa muganga – kugira ngo imwe mu misusire y’ubwonko bwazo ibe iy’umuntu.
Abo bahanga muri siyansi bavuze ko ubushakashatsi bwabo, bwatangajwe mu kinyamakuru Nature cy’ubushakashatsi buba bwamaze kugenzurwa n’abandi bahanga bo muri urwo rwego (ibizwi nka 'peer review'/'examen par les pairs'), bwakozwe bugenzurwa n’itsinda ryigenga risuzuma iyubahirizwa ry’imikorere iboneye.
Izindi nkuru wasoma:
Fiji yatangaje ko iri mu bihe by'amage kubera ubwandu bwa SIDA bwiyongereye
Fiji yatangaje ko iri mu bihe by’amage mu gihe ubwandu bwa SIDA bwiyongereye, ndetse irimo kongera serivisi zo kuyipima, gutanga imiti igabanya ubukana no kuyirinda.
Hafi umuntu umwe muri buri bantu 60 bakuru bo kuri iryo tsinda ry’ibirwa (cyangwa amazinga mu Kirundi) ryo mu nyanja ya Pasifika ubu abana n’iyo virusi iba mu maraso, ugereranyije n’umuntu umwe mu bantu bakuru 167 wabaga ayirwaye mu myaka itanu ishize. Umubare w’abana bicwa n’ibibazo bivuye kuri virusi ya VIH (HIV) urimo kwiyongera.
Mu mwaka wa 2025, icyo gihugu gituwe n’abaturage batageze kuri miliyoni imwe cyabonetsemo abantu bashya 2,016 basanzwe baranduye SIDA, nkuko bivugwa na Minisitiri w’ubuzima Atonio Lalabalavu, wavuze ko “igisubizo [uguhangana na yo] cyo ku rwego rw’ikiza ntikigihagije”.
Mu mwaka ushize, inzobere mu buvuzi n’imiryango itari iya leta bari babwiye BBC ko umubare urimo kwiyongera w’abakoresha ibiyobyabwenge, gukora imibonano mpuzabitsina idakingiye, gukoresha urushinge rumwe hamwe n’ibizwi nka “bluethoothing”, ari bimwe mu biteza iki cyorezo.
"Bluetoothing" cyangwa "hotspotting" ni uburyo buteje akaga aho abakoresha ibiyobyabwenge bitera mu rushinge, bafata amaraso y’abantu bamaze kubikoresha bakayiteramo, ibyo bikaba byarongereye ubwandu bwa SIDA ku isi, cyane cyane mu bice bimwe byo muri Afurika no muri Pasifika.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
