Abantu umunani barapfuye abandi icenda barakomereka mu musunikano wabereye mu gikorane c'amasengesho cabereye mu gisagara ca Bujumbura, mu mpera z'indwi iheze.
Ico gikorane cari categuwe n'umuvugabutumwa Chris Ndikumana, kikaba citabwe n'ibihumbi vy'abantu.
Ababibonye hamwe n'igipolisi bavuga ko uruhome rw'uruzitiro rwari hafi y'irembo ryinjira mu kibuga c'ishure ry'imyuga n'ubuhinga ETS Kamenge, ahabereye ico gikorane, rwasenyutse bitewe n'umusunikano w'abariko bagerageza gusohoka ico gikorane kirangiye mw'ijoro ryitereye.
Bamwe baguweko n'urwo ruhome, abandi bahonyangwa n'isinzi ryariko rirasohoka.
Mu kiganiro c'ijambo ry'Imana Chris Ndikumana yacishije ku wa mbere ku mbuga zitandukanye citwa 'Kanguka' , yagarutse kuri ico gikorane aho avuga ko muri rusangi cagenze neza.
Yamara, aragaruka, mu majambo make, no ku bitagenze neza.
Agira ati: "Ariko rero mu nyuma twumvise amakuru atubwira ko hari abantu bavuye mu gikorane bagira ikibazo, bagira isanganya. Hari abakomeretse, hari n'ababuze ubuzima... vyaratubabaje cane".
Abandanya agira ati: "Turiko turabasengera. Kandi turahojeje gose imiryango yabuze."
Umwigisha umwe wo kw'ishure ETS Kamenge yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Hari abantu benshi cane, kandi bose bashaka gusohokera icarimwe."
Yongerako ati: "Vyabaye mw'ijoro ryitereye."
Mw'itangazo cashize ahabona, igipolisi c'Uburundi kivuga ko ibitaro Roi Khaled vy'i Bujumbura vyakiriye abantu batandatu bapfuye - abagore batanu n'umugabo umwe - mu gihe abandi bane bariko barahavurirwa.
Abandi bantu babiri bapfiriye mu bitaro vya gisirikare, aho kandi abandi batanu bariko baravurirwa.
Chris Ndikumana akurikirwa n'abantu barenga umuriyoni kuri konte yiwe yo ku rubuga YouTube, aho acisha ikiganiro Kanguka. Uwo muvugabutumwa arahurumbirwa kandi n'isinzi ry'abantu mu bindi bihugu bitandukanye vya Afrika.
Bamwe mu bamukurikira bemera ko ashobora gukiza indwara biciye mu masengesho.
Impanuka z'imisunikano mu bikorwa vy'amasengesho si nshasha muri Afrika.
Mu 2020, abantu n'imiburiburi 20 barapfuye muri Tanzaniya, igihugu kibanyi c'Uburundi, mu musunikano wabereye mu gikorane aho abantu isinzi bacanacanyeko batanguranwa gusigwa amavuta yari yahezagiwe.
Mu 2022, abantu 31 barapfuye mu gisagara ca Port Harcourt mu bumanuko bwa Nijeriya, aho ishengero ryariko ritanga imfungurwa ku bakene, bamwe muri bo bakaba bari baharaye barindiriye.
Muri uwo mwaka nyene, abantu n'imiburiburi 29, harimwo abana 11, barapfiriye mu musunikano wabereye muri Liberiya, inyuma y'uko abasuma bateye abantu bariko barasohoka bavuye mu gikorane kinini c'Abavugabutumwa.
Facts Only
* People from different regions gathered in the city center of Bujumbura for several days.
* The gathering was under the direction of Chris Ndikumana and involved thousands of people.
* Police reported the demonstration entered the area of ETS Kamenge and informed them of the reasons for the gathering.
* Some participants were granted permission; others were fined by the government.
* Chris Ndikumana referenced 'Kanguka' as progressing well.
* Participants indicated that some sought life, some were hurt, and some asked for their lives.
* Some stated they were not leaving but were living their lives.
* Government officials reported that many people desired to escape restrictions.
* The Burundian police reported that Roi Khaled in Bujumbura gathered dying people (four women and one man) while others were not present.
* Some individuals were in government facilities, and others were in custody.
* Chris Ndikumana discusses 'Kanguka' on YouTube with people from other African countries.
* Past events include famine relief in Tanzania in 2020; famine relief in Nigeria in 2022; and refugee situations in Liberia involving those fleeing conflict.
