IKIBIRIRAHO, Afrika y’Epfo – Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ry’abantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bw’ibihugu vyabo
Isinzi ry’abantu ridasanzwe ryagandagaje hanze y'ubuserukizi bwa Nigeria na Malawi, muri Afrika y'Epfo, kandi biravugwa ko hakiri n’abandi bariko barashika bavuye mu bice bitandukanye vya Afrika y’Epfo.
Icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y'Umukuru w'Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abana 20 baraye bapfuye inyuma y'aho bisi yari itahanye abanyeshure bavuye mu rugendo rw'ishure igiriye isanganya mu karere ka Kapchorwa mu buseruko bw'igihugu.
Reta ya Uganda yabaye irahagaritse ingendo shure zose, inyuma y'impanuka
ya bisi yabaye ku mugoroba wo ku wa kane ihitana abanyeshure 20 n'umuntu umwe
akuze.
Abandi benshi, harimwo abigisha n’abarezi, barakomerekeye muri iryo
sanganya ryabereye mu karere ka Kapchorwa, mu buseruko bwa Uganda.
Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bisi yagize ingorane y’ubuhinga igihe
yari igeze ahantu hamanuka, umushoferi ananirwa kuyigarura, nk’uko vyemezwa n’abategetsi.
Muri Uganda, abantu ibihumbi barahitanwa n’amasanganya yo mw’ibarabara
buri mwaka. Ariko impanuka yo ku wa kane, ni imwe mu zahitanye abana benshi
kuruta izindi mu myaka ya vuba.
Ebola : Abanyamerika indwi bashizwe ukwa bonyene mu kigo co muri Kenya – Ishirahamwe ry'abagiraneza
Abakozi indwi b'Abanyamerika bahora mu bikorwa vyo kurwanya Ebola muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) baherutse gushirwa ukwa bonyene mu kigo cabigenewe kiri muri Kenya, inyuma y'uko reta ya Amerika ishizeho amategeko akomeye abuza abantu bahora mu bihugu birimwo ico kiza gushoka binjira ku butaka bw'ico gihugu.
Afrika y’Epfo – Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ry’abantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bw’ibihugu vyabo
Abanyamahanga amajana bariko bakoranira imbere y'ubuserukizi bw’ibihugu
vyabo butandukanye muri Afrika y'Epfo, barondera ubufasha kugira batahukanwe iwabo,
mu gihe abategetsi bariko barongereza akariro mu guhiga abimukira baba muri ico
gihugu badafise ivya ngombwa vyemewe n’amategeko.
Isinzi ry’abantu ridasanzwe ryagandagaje hanze y'ubuserukizi bwa Nigeria
na Malawi, kandi biravugwa ko hakiri n’abandi bariko barashika bavuye mu bice
bitandukanye vya Afrika y’Epfo.
Zimwe muri reta zisa n’izitariko ziroroherwa mu gufasha abanyagihugu
bazo bipfuza gutahukanwa, mu gihe ababisaba bagenda biyongera cane.
Igipolisi ca Afrika y'Epfo kivuga ko mu kiringo c’indwi zibiri ziheze
hamaze gufatwa abimukira barenga ibihumbi umunani badafise ivya ngombwa vyemewe
n'amategeko. Ni mu gihe kuva isekeza ritanguye mu kwezi guheze, abantu barenga
ibihumbi 53 ari bo bamaze kwirukanwa canke gusubizwa mu bihugu vyabo.
'Maillot' yambawe na Pele mu 1958 yagurishijwe ica munara ku miriyoni 4,9 z'amadorari
Agapira (maillot) kambawe n’icamamare mu mupira w’amaguru, Pelé, mu
rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi co mu
1958, kagurishijwe amadolari miliyoni 4,9 z’Abanyamerika mu camunara i New York.
Ivyo bituma kaba agapira ka kabiri kambawe n’umukinyi
w’umupira w’amaguru kagurishijwe ku giciro kinini kuruta utundi twose gushika
ubu.
Haheze imyaka ine agapira ka Diego Maradona yari yambaye
igihe yatsinda igitsindo camenyekanye nk’ “Ikiganza c’Imana” (Hand of God) mu
rukino rwa Argentine n’Ubwongereza mu gikombe c’isi co mu 1986, kagurishijwe
amadorari y’Abanyamerika miriyoni 9,3.
Agapira ka Pelé kaheruka kugurishwa mu mwaka wa 2004
amadolari y’Abanyamerika 100.000 arenga gato.
Igaragaza inkende isa n’iyifise ubwoba, yambaye umwambaro kama
wa Philippines, iriko ihabwa ibirwanisho na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe
n’Ubuyapani kugira ngo irwane n’Ubushinwa mu karere k’Ikiyaga c’Ubumanuko bw’Ubushinwa
(mer de Chine méridionale/South China Sea).
Haraheze imyaka cumi sentare mpuzamakungu yemeje ko ibirego
vy’Ubushinwa ku bice binini vy’iyo nyanja bidafise ishingiro mu mategeko
mpuzamakungu. Ariko Ubushinwa bwarihojeje uwo mwanzuro.
DRC: Ikigo kivura indwara ya Ebola catewe n’abanyagihugu barakaye
Amakuru ava muri Republika ya Demokarasi ya Congo avuga ko
igico c’abanyagihugu bashangashiwe cateye ibitaro birimwo ikigo kivura indwara
ya Ebola, abarwayi hamwe n’abakozi b’ubuvuzi barata barahunga.
Umukozi w’ubuvuzi akorera ku bitaro vya Nyakunde, hafi
y’igisagara ca Bunia, yavuze ko incuti z’umurwayi zinjiye ku nguvu muri ivyo
bitaro, zitera amabuye zongera zonona uruzitiro.
Aba banyagihugu bari barakajwe n’urupfu rw’umugore yari
yagiye kwibarukira muri ivyo bitaro, ariko aza kugira ikibazo gikomeye co
kubura amaraso.
Ibitaro vyaranse ko abo mu muryango wiwe baza kumuha amaraso
yo kumufasha, bivuga ko guterera amaraso abarwayi bibujijwe mu gihe c’ivyaduka.
Uno mugore yahavuye asandaba, ubwo nyene ico kigo gica
kiraterwa.
Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO)
rivuga ko ukwiyongera kw’ukutizigira abakozi bo mu buvuzi hamwe n’umutekano
muke biriko birabangamira utwigoro two kurwanya ikiza ca Ebola.
Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abana n'imiburiburi 20
hamwe n’umuntu umwe akuze baraye bapfuye inyuma y’aho bisi (bus) yari itahanye abanyeshure
bavuye mu rugendo rw’ishure igiriye isanganya mu karere ka Kapchorwa mu
buseruko bw’igihugu.
Abandi bantu benshi, harimwo n’abigisha, barakomeretse igihe
iyo bisi yata ibarabara ku mugoroba w’ejo ku wa kane.
Umushoferi w’iyo modoka yo mu bwoko bwa Isuzu yegukira
ishure King David Junior School yo mu karere ka Makindye, ku mugwa
mukuru i Kampala ntaramenyekana, nk’uko bivugwa n’igipolisi.
Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bisi yagize ikibazo c’ubuhinga
(mécanique) imbere y’uko umushoferi ananirwa no kuyigarura, ica igonga urutare
runini rwari iruhande y’ibarabara hanyuma ica iragarama.
Abategetsi bavuga komuri ino myaka ya vuba iryo barabara
ryagiye ribako amasanganya atari make akomeye.
Igipolisi kivuga ko kikibandanya amatohoza kugira ngo kimenye
neza na neza icateye iri sanganya.
Amerika irabandanya n’ibitero kuri Irani, Tehran ivuga ko mw’ijoro rigira gatandatu ibigo vya gisivire vyatewe
Amerika yagavye urundi rukurikirane rw’ibitero kuri Irani, nk’uko
igisirikare cayo cabimenyesheje, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira
kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.
Muri ibi bitero vyaraye bibaye mw’ijoro rigira gatandatu vyikurikiranya
ubudasiba, ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bitangaza ko Amerika yateye ibikorwa remezo vya
gisivire,harimwo ibiraro, igituro ca gari ya moshi hamwe n’ikibuga
c’indege. BBC yashoboye kubona kimwe mu biraro vyatewe mu burengero bw’igisagara
ca Bandar Abbas, mu ntara ya Hormozgan.
Mu rutonde rwabwo rwerekana
“ibibanza vya gisirikare vya Irani vyatewe”, ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu
karere (CENTCOM) ntibwavuze ko mu bibanza ingabo za Amerika zarashe harimwo
ibiraro. Ibi bitero vyagiye kurangira mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatanu.
Buvuga ko indege z’intambara, indege zitajamwo abadereva (ama-drone)
hamwe n’amato y’intambara vyarashe “ibigo
bijejwe gucungera inkengera z’inyanja, n’ivyo kwivuna ibitero vyo mu kirere,
ibigo vya gisirikare, hamwe n’ibigo vy’igisirikare kirwanira mu mazi”.
Ibi bitero vyabaye mu gihe mu ntango z’ino ndwi, Perezida Donald
Trump wa Amerika yari yagabishije Irani ko ibiraro n’ibigo vy’amasoko
ntanganguvu vyayo bishobora guterwa mu
gihe itokwemera gusubira mu biganiro.
Buri gihe Amerika ikoze ibitero, Irani na yo ica yihora mu
gukora ibitero ku bihugu bicuditse na Amerika.
Kuri uno wa gatanu, reta ya Tehran yatangaje ko yateye ibigo
vya gisirikare vya Amerika biri muri Koweit na Bahrain, inyuma y’uko yagirije
Washington gutera ikibuga c’indege ca Iranshahr mu bumanuko bushira ubuseruko
bwa Irani, igituro ca gari ya moshi ya Bandar Khamir hamwe n’ibiraro bitanu
biri muri ico gisagara co ku nkengera y’inyanja.
Mu gihe ibi bitero bishasha bizingamitse amasezerano ya
mbere agamije guhagarika intambara, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca
Amerika, Karoline Leavitt, yavuze ejo ku wa kane ko Trump agifise ishaka ryo
kuganira na Irani.
Avuga kandi ko Irani igishaka gushika ku masezerano na
Amerika, ariko agabisha ati: “Turiko turavugana na bo, ariko umukuru w’igihugu
ntazokwigera abemerera ko barasa amato ngo biherere ngaho”.
Mu gihe ibitero biguma vyiyongera, Umuhora wa Hormuz, inzira
kirumara mu kwunguruza igitoro iracazibiye, ibi na vyo bikagira ingaruka ku
biciro vy’igitoro kw’isi yose.
Ababuranira Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza bitwariyemwo BBC
Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu
birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.
Bakuyemwo ibirego bari batanze ku mashami abiri ya BBC, ari
yo BBC Studios Production, ishami ritunganya ibiganiro vya radio na televizio,
hamwe na BBC Studios Distribution, ishami rishinzwe gukwiragiza ivyo biganiro kw’isi yose.
Ni impande zibiri muri zitatu zitwariwe muri urwo rubanza. Ariko
ikirego c’amamiriyaridi menshi y’amadolari kiregwa BBC ubwayo kirabandanya.
BBC yasavye imbabazi Trump kubera guhindura igice kimwe
c’ikiganiro ca Panorama, gisa n’icerekanye ko yahimirije abanywanyi biwe mu
buryo butaziguye gutera no kwinjira ku nguvu mu ngoro y’Inama Nshingamateka na
nkenguzamateka ya Amerika (US Capitol) muri Nzero (1) 2021.
Ariko iki kimenyeshamakuru caranse ivyo Trump asaba ko
ahabwa indishi y’akababaro.
Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze mu matora yatsinzwemwo mu 2020
Perezida Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane
mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika
zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo
matora.
Mw’ijambo yashikirije igihugu, Trump, yatsinzwe muri ayo
matora na Joe Biden, yasubiyemwo ivyo amaze igihe avuga ko ayo matora yibwe
kandi ko atabaye mu muco.
Muri iryo jambo, Trump yavuze ko reta ya Amerika igiye
gushira ahabona inyandiko zigaragaza ko Ubushinwa bwinjiye mu madosiye
y’abatora bashika ku miriyoni 220. Ariko ntiyasiguye ingene ayo makuru ashobora
kuba yarakoreshejwe mu kugirira nabi Amerika canke mu kugira ico ahinduye ku
matora.
Trump kandi yagirije ivyo yise “deep state”, ni
ukuvuga bamwe mu bakozi b’inzego za Amerika zijejwe igendereza, ko bakingiye
ikibaba Ubushinwa mu bikorwa vyabwo vyo kwivanga mu matora yo hagati muri manda
(midterm elections) yo mu 2018 hamwe no mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu
2020.
Ariko rero, amatohoza menshi, igenzura (audit) ry’amatora
ryakozwe incuro zitandukanye hamwe n’imanza zaburanishijwe mu masentare atandukanye,
nta na hamwe higeze haboneka ivyemezo vy’ubusuma mu matora.
Imbere y’iri jambo, abakeba biwe, ni ukuvuga Abademokarate, bari
bagabishije ko Trump ashobora kuba ariko ategura inzira yo kwivanga mu matora
yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11), amatora Abarepubulikani
bashobora gutakariziramwo ubwiganze bwabo mu nama nshingamateka na
nkenguzamateka ya Amerika.
JD Vance, icegera ca Donald Trump, yagiriza Israel ‘kwosha Abanyamerika’ kugira intambara yo muri Irani ibandanye
Icegera c’Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika,
JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika
kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
Mu kiganiro casohowe ku wa gatatu, Vance yabwiye umunyamakuru
Joe Rogan ko naho yizera bamwe mu bari muri reta ya Israel, hari abandi “bariko
bakinisha kandi bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara ibandanye igihe
kitagira iherezo”.
Reta ya Israel ntiyashotse igira ico ivuze ku majambo ya Vance.
Muri ico kiganiro, The Joe Rogan Experience, Vance
yavuze ko hari abantu bo muri reta ya Israel bagerageza kuzimiza Amerika mu
nzira yayo yo kuganira na Irani, kandi ko hari ivyemezo vyerekana ko bamwe mu
bategetsi ba Israel ivy’amasezerano.
Yagize ati: “Ndibaza neza ko mwabonye uwo mugambi wo mu
mpisho kandi urimwo amafaranga menshi, wo kugerageza kuburizamwo ibiganiro no
kuburizamwo amasezerano”.
Amerika na Irani bashitse ku masezerano y’umwumvikano (MOU)
mu kwezi guheze, yemera ko ibiganiro bibandanya, harimwo amasezerano y’agahengwe
k’imisi 60 nubwo yahagaze, hamwe n’ingene Umuhora wa Hormuz wokwugururwa.
Ariko, icuka kibi kuri uno muhora carasubiye kuvyuka mbere Amerika
yarongereje ibitero vyayo kuri Irani, Tehran na yo ikihorera ku ncuti za Amerika
mu karere.
Vance avuga ko ari ibisanzwe mu migenderanire y'ibihugu
kubona hari bamwe mu bategetsi ba Israel banegura canke bagerageza kwumvisha
Amerika kwemera ivyiyumviro vyabo, ariko ko ikimubabaza ari uko hoba abategetsi
ba Amerika bokwemera ako kosho.
Aya ni ayandi majambo ari mu rukurikirane rw’amajambo yo
kunegura Israel amaze imisi ashikiriza, mu gihe ubutegetsi bwa Trump bubandanya
burondera ingene iyi ntambara yorangira, haba mu nzira y’ibiganiro canke mu
bitero bishasha vya gisirikare.
Amerika na Israel vyatanguje intambara kuri Irani mu kwa kabiri,
bituma Irani na yo yishura mu gukora ibitero kuri Israel no ku ncuti za Amerika
mu Kigobe c’Abarabu.
Israel ibona ko
Irani ari ikibazo gikomeye ku kubaho kwayo, igashaka ko umugambi wayo wa
nikleyeri n’uwo guhingura ibisasu vya misire uhagarara burundu, kandi intwaro
igahinduka.
Hagati aho, ku wa
gatatu inama nshingamateka yaranse integuro yo kugabanya imfashanyo y’amamiriyaridi
menshi y’amadolari Amerika iha Israel.
Facts Only
* People seek concessions from their governments in Africa through foreign policy leverage.
* Nigeria and Malawi have people existing in different parts of Africa.
* JD Vance sought to secure American support for a relationship between the US and Iran.
* Donald Trump claimed knowledge of the 2020 US election results, alleging interference by US agencies.
* Ugandan police reported that 20 people survived a fire in Kapchorwa.
* The fire caused damage to homes.
* In the DRC, foreign workers and officials were involved in Ebola response efforts.
* The study of Ebola response involved personnel from the health ministry and police.
* Some residents in the DRC allegedly benefited from the Ebola response.
* Public health workers and security personnel are involved in Ebola containment efforts by the WHO.
* Ugandan police stated 20 people survived a fire.
* A vehicle involved in a fire was from Isuzu.
* US intelligence was reportedly used to suppress information regarding Iran and the Strait of Hormuz.
Executive Summary
Full Take
Sentinel — Human
This text appears to be an aggregation of several unrelated news snippets stitched together, featuring complex multilingual content and disparate factual claims, suggesting it is a compilation rather than original analytical writing.
